Gutanguza umugambi wo gushigikira abapfakazi n'iterambere ry'imiryango
Ishengero Mvugabutumwa ry'Abagenzi ryamye ryitwararika Amahoro n'Iterambere ry umuntu, umuryango , ikibano n'igihugu kuva ritanguye 1934.
Hamwe n'inyota idasanzwe yo gukwiza Ubutumwa Bwiza bw'Umwami Yesu, kwubaka amashengero mu gihugu, iterambere rusangi mu kurangura imigambi yo guteza imbere igisata c'indero, amashure y'imyuga, amashure y'Ijambo ry'Imana, Ibitaro bikuru, amavuriro matoto, ni rimwe mu mashirahamwe yigenga ryashoboye kuzana impinduka n' iterambere rirama aha mu Burundi no ha nze yaho.
Ishengero ririfatanya n'imigambi ya Leta mutwigoro two kuremesha amahoro n' iterambere rirama mu gushiraho imigambi yo kuvura ibikomere vya kahise, mu kwigisha abantu kwirinda ihohoterwa, kubigisha gutatura amatati bidaciye mu ngimba, vyose biciye mu nyigisho zibera mu kibano ndetse no mu mamashure. Riranarungika indorerezi mu guhagarikira amatora mu bihe vyayo tutibagiye inyigisho ku benegihugu zibahamagarira gukunda no kwitwararika igihugu. Rirongera rigashigikira imigambi yokurwanya indwara ziva kw'isuku rike mugushobora kwubakira amabombo atanga amazi meza mu bice vy'igihugu bikiri inyuma y'amajambere. Riranashigikira abahuye n' ibiza mu kubaronsa udukoresho twa nkenerwa ndetse n'ibifungurwa kugira bikenure .
Ishengero ry'Abagenzi riritaho impfuvyi n'abapfakazi, abatishoboye ndetse n Abasangwabutaka, mu gushira imbere umukenyezi mu kubashigikira biciye mu migambi mito mito y'iterambere, nko kworora ibitungwa bishobora gusahiriza mw 'iterambere ry' ingo n'imiryango bagashobora kwikenura muri twankenerwa twa misi yose, kwivuza, kurihira abana amashure ba ntahonikora, nutundi. Ivyo bitungwa bigizwe n'inkwavu ndetse n'impene, biciye mu guhanahana ivyo bitungwa, umuryango wokorera uwundi; ivyo bikazigama n'ubumwe hagati yababisangira.
Mu ntumbero yo gushigikira umugambi wa Leta wokworora urukwavu, kw igenekerezo rya 16 Ntwarante 2024, Ishengero ry Abagenzi ryifadikanije n'abasanzwe barifata mu mugongo ryatanguje umugambi witwa «WIDOWS RESILIENCE AND FAMILY DEVELOPMENT. » canke « WRFD mu mpfunyapfunyo » twoshobora gusigura mu kirundi GUSHIGIKIRA ABAPFAKAZI N ITERAMBERE RY IMIRYANGO . »
Muruwo mugambi buri muryango w'abapfakzi urahabwa inkwavu zibiri « urushashi n'urupfizi » hanyuma bakazokwokorera abandi igihe zimaze kuvyara. Ihangiro ni gushika kubantu canke imiryango ibihumbi bibiri « 2000 » harimwo imiryango y'abappfakazi, abo mu bwoko bwa abatwa, n'abatishoboye mu kiringo c umwaka .
Uwo mugambi watangurijwe muri komine Ruhororo ku mitumba ya Ruyaga hamwe na Rwamiko ukazobandaniriza muyindi mihingo yigihugu bivanye nuko uruhererekane rwizo nkwavu ruzotera ruja imbere ndetse n'uburyo buzoboneka bwabawushigikira. Twobamenyeshako dutanguje inkwavu 146 zihawe imiryango 73.
Twitezeko imiryango izoshobora kwiteza imbere biciye mu bworozi bw'urukwavu bashobore kwikenura, no kwigurira utwankenerwa, kwigurira ibikoresho vy'ishure vy' abana, ndetse no gushira imbere umukenyezi w'umurundi mu guterera mw'iterambere ry' umuryango. Ibice birenga gato 96 ni abakenyezi bari muri uwo mugambi. Izo nkwavu zizobandanya zihanahanwa mu kibano.
Uburyo buriko burafasha bwaciye kumwe mu bagize ishengero yitwa Salomon NTIBAHARIRE yaduhuje n Umugiraneza . Twagomba gutera akamo buri muntu wese abishoboye kugira ico akoze canke uwoshobora kuduhuza n' abodufata mu mugongo ko yoshikana ubu butumwa kure kugira aterere mw iterambere ry'ikibano, n abanyeshengero ubwabo biciye muri uyu Mugambi.
Ibindi bikorwa vyaranguwe mu gisata co gukarukira ku bafise amikoro make, fyonda aha hepfo: