Ibikorwa dukora

Ivugabutumwa

Duharanira amahoro mu mibano mugukwiragiza ubutumwa bwiza.

Iterambere

Kristo aduhamagarira iterambere be no gufasha abatishoboye.

Ubuvuzi

Muvyo dukora turitaho ivyerekeye gutanga serivisi z'ubuvuzi.

Indero

Muvyo dukora dushaka gutez'imbere igihugu cacu duhereye k'ubumenyi.


Gukwiragiza ubutumwa bwiza

Ivyerekeye Ivugabutumwa.

Imwe mu ntumbero nyamukuru zacu ni gukwiragiza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo mubice vyose vy'ubuzima bw'Isi. Kubw'ubushobozi bw'ijambo ry'Imana, dushimikira guhindura imitima y'abantu n'imibereho ibaranga. Kukaba nkako, dushishikara gutangaza agakiza muri Yesu Kristo no kwamamaza ivyama vya Mpwemu Yera m'ubumwe n'urukundo.







Duhamagare kuri

+257 22 21 62 55


Gukwiragiza ubumenyi

Ivyerekeye Indero.

Kuruhande rw'ivyerekeye ivugabutumwa, turitaho ibijanye no guteza imbere ubumenyi n'indero rusangi. Kuno, bigatuma ugwaruka rushobora kwibeshaho, rukanaronka amahirwe yo kwiteza imbere. Ubumenyi ni impamyabushobozi y'iterambere. Kubw'ivyo, tugamije guteza imbere indero mu mpande zose z'igihugu.

Korana natwe

Ivyerekeye ubuvuzi

Ishengero ry'Abagenzi m'Uburundi ryaratanguje ibigo 4 vy'ubuvuzi, harimwo na bimwe mu bitaro bikuru bikomeye mu gihugu - Ibitaro vyo mu Kibimba. ‌Ibi bitaro ni ikigo gikomeye mu vyerekeye ubuvuzi. Bizwi cane mubijanye n'ubuvuzi bwo kubaga be n'ubwakiririzi, kuburyo abantu baturuka mu mpande zose zigihugu kugirango bavurirwe kuri bino bitoro biri kurwego rudasanzwe. Ishengero ry'Abagenzi mu Burundi rikaba rinashaka kwagura ibikorwa vyayo muvyerekeye guteza imbere ubuvuzi mu gihugu cose. 



Menya vyinshi

Ivyerekeye Ibikorwa vy'Iterambere

"Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk'uko nabakunze. Nta wogira urukundo ruruta urw' uk' umuntu yigura abakunzi biwe. Mur' abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera." - Yohana 15:12 
‌Tugaragaza umuhamagaro w'Ivugabutumwa Kristo aduhamagarira gukora tubicishije mu bikorwa vy'Iterambere. Ivyo navyo tukabikora m'ubumwe n'urukundo. Tur'umuco w'Isi. Kubw'ivyo twahamagariwe gufasha, kwitaho no gutez'imbere abatishoboye.

Ibikorwa biherukwa

Iyunge natwe mu bikorwa vy'Iterambere





Terera Ibikorwa Dukora
kubwa Kristo





 Duterere