Intumbero na Kahise kacu

Intumbero: Ivugabutumwa no Guhindura Imibereho

Ishengero ry’Abagenzi mu Burundi ryatangujwe mu mwaka w’1933. Ivyo dusabwa gukora nk’abanyeshengero ni kuvuga ubutumwa, gukora ibishoboka kugira abantu babane mu mahoro, bakaronswa inyigisho hamwe n’ibikwiye bakeneye; bagaterwa intege kugira bafate urugendo rw’iterambere ata gisizwe inyuma hisunzwe ijambo ry’Imana (Bibiliya), guhuza umutima n’inama hawe no gusenga.

The Chilsons

Kahise k'Ishengero

Abamisiyonari b’abanyamerika barungitswe n’ishirahamwe FAGM (Ishirahamwe ryegamiye Ishengero ry’abagenzi. Iryo shirahamwe ryari rijejwe ugukwiza ubutumwa bwiza ku mugabane wa Afrika) barongowe na Arthur Chilson (Quaker), uyo nawe akaba yari mw’ishirahamwe ry’ishengero ry’abagenzi (Société religieuse des Amis fondée par George Fox) - Kw’isanamu aboneka ari kumwe n’abana n’umukenyezi wiwe Edna Chilson.

Amaze gushika i Burundi, umumisiyonari Arthur Chilson yahasanze abenegihugu mu Kibimba bari bakeneye ubumenyi, kwigishwa, be no gufashwa. Abo bamisiyonari basanze igikorwa kibarindiriye co gukura abantu mu buzimire n’ukubukene bifatiye ku kutamenya babazana kuri Yesu kitoroshe na buhoro buhoro. Nubwo hari inzitizi n’imitego vy’uburyo bwinshi, abo bamisiyonari barashoboye guhindura umutumba wa Kibimba iremezo, umugwa mukuru w’inyigisho ndoramana z’abagenzi (Quakerisme) bari baje kwigisha.

‌Aho mu Kibimba hamaze kurama mu nyigisho, abo ba misiyonari b’abagenzi(quakers)baciye bugurura ikindi kigo ca misiyoni co kuvuga ubutumwa bwiza i Mutaho mu mwaka w’1936, mu nyuma yaho bashinga misiyoni ya Kwibuka hafi y’igisagara ca Gitega mu mwaka w’1944. Kwisumo, mu ntara ya Ruyigi naho haca hashingwa mu mwaka w’1948. Mu Nyuma abo ba misiyonari baciye babona ko bobanza gutsimbataza ibikorwa vyabo muri ubwo burere bari bamaze kwugurura, ninaho baca babona ko ari ngombwa gutunganya igitabo c’Ishimikiro ry’ishengero ry’abagenzi ry’i Burundi kugira igihe gishitse baze bashikirize uburongozi bw’ishengero abarundi ubwabo.

Hagati y’imyaka y’1950 n’1972, abamisiyonari bashinze ishengero ry’abagenzi mu Burundi bari bamaze kurangura ibintu vyinshi biteye igomwe ku buryo ayandi mashengero rukristo y’abaporotisanti yakurira inkofero misiyoni nkwizabutumwa y’abagenzi mu Burundi(MEAB) kw’imaze gushinga imizi ikagira n’ubutunzi bwinshi. Kukaba nkako. Mu vy’ukuri ico gihe iyo misiyoni yari yarashinze ikongera igatunganya ku musi ku musi ibikorwa vy’ishure nderabigisha rya Kibimba. Baratunganya kandi ku musi ku musi bakongera bagakurikirana ibikorwa vy’ishure ritanga ubumenyi ndoramana hamwe n’iyandikiro ry’ibitabo vyo ku mutumba wa Mweya bafatanije n’abandi ba misiyonari bari bunze ubucuti. Misiyoni mvugabutumwa y’abagenzi mu Burundi (MEAB) yaratunganya ikongera igakwirikirana ku musi ku musi ibikorwa vy’insamirizi CORDAC, ibitaro vyo ku mutumba wa Kibimba hamwe n’ibitaro ry’abagendana ingwara y’imibembe vyari ku mutumba wa Nyankanda mu Ruyigi. ‌ ‌

‌Abamisiyonari bashinze ishengero ry’abagenzi mu Burundi bari bafise akarangamutima k’abavugabutumwa. Mu bikorwa vyabo baratunganya ibikorane vy’ivugabutumwa bakazana iminyago myinshi kuri Kristo.

Guhera mu mwaka w’1951 iciyumviro ca Misiyoni mvugabutumwa y’abagenzi mu Burundi carashigikiwe n’amashengero ya “Eglise Mondiale” na “Eglise Libre Méthodistes” baraheza bari kumwe batanguza ishure ritanga ubumenyi ku bavugabutumwa bari bavuye muri ayo mashengero yunze ubucuti. Abanyeshure mirongo itatu (30) muribo harimwo cumi na batatu (13) batowe mu turere tune ishengero ry’abagenzi ryari rimaze gushikamwo barakiriwe n’iryo shure. Ariko rero ubwicanyi bushingiye ku bwoko bwahekuye igihugu c’uburundi bwahitanye abatari bake muri abo.

‌Izo ntwari z’abavugabutumwa b’abagenzi (quakers) uretse ko bazanye ubutumwa bwiza bw’Imana, Bibiliya yera, ntibasize inyuma ibikorwa vy’iterambere mu mibereho y’abenegihugu. Abo bavugabutumwa barazanye ibikoresho vy’ubuhinga kugira handikwe kandi hasohorwe inyandiko zikoreshwa mw’ivugabutumwa. Ni muri iyo ntumbero yo gukora ibikorwa vy’iterambere hubakwa urugomero rw’umuyagankuba Nyamyotsi ruca rutangura gutanga umuyagankuba mu mwaka w’1938 mu kwezi kwa Ndamukiza. Abo ba misiyonari ahatari hake mu bigo bari bamaze kwugurura amashure y’imyuga kugira abarundi bigishwe guhingura ibikoresho vya kijambere bongera babaha n’ubumenyi bwo kwubaka inyubakwa n’inzu mu bikoresho bigezweho biramba. Ikigo c’imyuga cari giteye imbere mu buhinga cashinzwe ico gihe ku mutumba wa Kibimba.

Imisiyoni Mvugabutumwa y’abagenzi i Burundi (MEAB) yaratunganije umugambi wo kuvuga ubutumwa ibicishije ku nsamirizi guhera mu mwaka w’1962. Ayandi mashengero y’abaporotisanti yunze ubucuti n’abagenzi nayo yaciye ahamvya misiyoni mvugabutumwa y’abagenzi muri uyo mugambi mushasha. Mu mwaka w’1963 insamirizi CORDAC irasamirana mu gushikiriza ibiganiro vyayo ku mitumba yose y’igihugu c’Uburundi. Isamirizi CORDAC yarumvikana kandi mu gice c’ubutaka bw’igihugu c'Urwanda hamwe no mu gice c’igihugu ca Kongo(RDC). Insamirizi CORDAC yarafashije cane mu gutahuza ivy’impwemu abantu bashobora gukurikirana ibiganiro vyayo.

‌Ariko rero ibiganiro vy’isamirizi CORDAC vyahavuye bihagarikwa n’intwaro ya Repubulika ya kabiri yari irongowe n’umukuru w’igihugu w’ico gihe Yohani Batista Bagaza. Inyuma y’iyugarwa ry’iyo nsamirizi CORDAC, ntivyakunze ko umuvuduko w’ibikorwa ishengero ryari rigezeko bizigamwa ku rugero vyari biriko kubera ibihe vya politike igihugu cariko kiracamwo. Ivyo vyaragaragaye mu misi yakwirikiye ariko ibintu ntivyahavuye biguma uko. Uburundi bwagiye kwikukira kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, abamisiyonari biteguye gushikiriza abarundi itunganywa ry’ibikorwa vy’ishengero ry’abagenzi ku musi ku musi. Imfashanyo ifadika y’ishirahamwe FAGM (Ishirahamwe ryegamiye Ishengero ry’abagenzi. Iryo shirahamwe ryari rijejwe ugukwiza ubutumwa bwiza ku mugabane wa Afrika) yarabandanije itangwa gushika mu mwaka w’1984.

Igihe abamisiyonari basubira iwabo mu mwaka w’1986 barasigiye ishengero, mu bigo(stations évangéliques)bitandukanye ibikoresho hamwe inyubakwa vyari umutahe ukomeye kugira haboneke iterambere rya Misiyoni mvugabutumwa ry’abagenzi i Burundi ryahavuye rihinduka Ishengero ry’abagenzi ry’i Burundi (EEA). Ariko rero iterambere ryari ririndiriwe ntiryabonetse ku rugero ryari ryitezweko. Kuri ivyo, hariho imvo zigaragara dushobora kugarukako: Iya mbere n’ubwicanyi bushingiye ku bwoko bwagiye bwisubiriza hagati y’abarundi. Ica kabiri ni ukungene abamisiyonari birukanywe ku nguvu ; ica gatatu ni uburongozi butaronse umwanya wo gutegurwa bigatuma butagira uburambe mu bikorwa ngo bushinge imizi bihagije.

‌Guhera mu mwaka w’2012, Ishengero ry’abagenzi (EEA), rigizwe n’inama z’umwaka zibiri: Inama y’umwaka ya Kibimba hamwe n’Inama y’umwaka ya Kwibuka. Izo Nama z’umwaka zose ziri musi y’uburongozi y’urwego ruhuza izo nama z’umwaka uko ari zibiri ubu(Conférence). Inama z’umwaka zirongowe n’abungere bakuru babiri (ababwiriza bakuru babiri). Urwego ruhuza izo nama z’umwaka zibiri (Conférence) narwo rukarongorwa n’uwuserukira imbere y’amategeko ishengero ry’abagenzi ry’i Burundi (Représentant legal). ‌Guhera mu mwaka w’2021 harabaye impinyanyuro mu burongozi ku vyerekeye uburongozi bw’urwego ruhuza izo nama z’umwaka. Ni kuvugako uwuserukira imbere y’amategeko ishengero mushasha hamwe n’icegera ciwe baratowe n’inama ya bose y’abagize urwego ruhuza izo nama z’umwaka uko ari zibiri.

Sangiza n'abagenzi ino nkuru ku mbuga ukoresha: