Ikurikirana ry'Amanama

Ishengero ry’Abagenzi mu Burundi ritunganijwe mu nzego zitatu zigenda zirutana mu bushobozi (Izo nzego ziri hamwe, zubaka Inama z’umwaka) - Inama z’ukwezi; Inama z’amezi atatu; Inama z’umwaka hamwe n’urwego ruhuza inama z’umwaka.

1. Urwego rw’Inama y’ukwezi


‌Urwego rw’inama y’ukwezi rugizwe n’abakristo bahurira hamwe gusenga mu rusengero banditswe mu gitabo c’abanyeshengero baho hantu baba bashika n’imiburiburi amajana abiri (200). Inama y’ukwezi iba irongowe n’umwungere (umupasitori). Uyo mwungere aba yatumwe gukorera kuri iyo nama y’ukwezi agahabwa ikiringo kitarenga umwaka, kandi ku mwaka ku mwaka.

‌Uyo mwungere (umupasitori) niwe ahagararira itunganywa ry’ibikorwa bibera kuri iyo nama y’ukwezi arongoye, haba mu bisagara bikuru bikuru canke mu dusagara duto duto canke mu gihugu hagati. Uyo mwungere (pasitori) niwe abazwa kandi ibikorwa birangurwa ku mashuri (succursales) akukira iyo Nama y’Ukwezi isanzwe irongoye. Ibikorwa vy’ivugabutumwa ritunganywa hisunzwe ibikorwa inyigisho zitangwa n’umwungere (umupasitori) hamwe n’abamwunganira.

‌Umupasitori ategerezwa kuba yararangije amashure matomato, akaba azi neza gusoma no kwandika. Uretse amateraniro asanzwe ategekanijwe ku rusengero, abakristo barashobora gutunganya amahuriro matomato y’amasengesho abera mu mihana (cellules) iwabo kugira ngo n’ababanyi baronke akaryo ko kwumva ubutumwa bwiza.

‌Kugira ibikorwa vy’Inama y’ukwezi bigende neza, Ishimikiro ry’ishengero ry’abagenzi rirategekanya ko Inama y’ukwezi iba igizwe n’utunama dutanu (5): i) akanama gashinzwe ubugingo, ii) akanama gashinzwe indero rukristo, iii) akanama ko Hirya no Hino, iv) akanama k’abizigirwa, v) akanama k’abakenyezi. Utwo tunama turongorwa n’abashingantahe b’Inama y’Ukwezi kandi abo nyene nibo batanga intumbero y’ibikorwa vy’ Inama y’Ukwezi babicishije mu manama aba rimwe mu kwezi. Ninaho havuye iryo zina ry’ Inama y’Ukwezi.

2. Inama z’amezi atatu


‌Ijambo "Inama y’amezi atatu" ni izina ryahawe urwego rw’ishengero rugizwe n’imiburiburi n’Inama z’Ukwezi zitatu. Harategekanijwe kandi ko izo nama z’ukwezi zigize Inama y’amezi atatu zitunganya inama izihuza rimwe mu mezi atatu. Ninaho havuye iryo zina ry’Inama y’amezi atatu. Ni mu mahuriro nk’ayo urwego rw’Inama y’amezi atatu rupfundika ingingo zerekeye ibikorwa bizorangurwa n’izonama z’ukwezi zitwarwa muri iyo nama y’amezi atatu. Urwo rwego rw’Inama y’amezi Atatu rurongorwa n’umubwiriza akwirikirana itunganywa ry’ibikorwa vyarwo.

‌Umubwirizwa aba yunganirwa n’akanama k’uburongozi kitwa kandi ibiro bigizwe n’abantu indwi. Ibikorwa vy’Inama y’amezi atatu vyigirwa mu tunama dukwirikira: i) Akanama gashinzwe ubugingo, ii) Akanama gashinzwe indero rukristo, iii) Akanama ko Hirya no Hino, iv) Akanama k’abizigirwa, v) Akanama k’abakenyezi. Mu nyuma y’aho ivyo bikorwa bica vyigirwa mu nama ya bose bagize Inama y’amezi atatu.

‌Umubwiriza aritunganya mu gukwirikirana ibikorwa vyose vy’abungere (abapasitori) bakorera mu karere arongoye. Ivyo bikorwa navyo vyerekeye ahanini ivugabutumwa n’intwaro. Inama y’amezi atatu rero, rimwe na rimwe irategura igashira mu ngiro ibikorwa harimwo ibikorane vy’ubutumwa bwiza. Mu bikorane nk’ivyo, Inama z’ukwezi ziri musi y’uburongozi bw’Inama y’amezi atatu zitegerezwa guserukirwa hamwe n’abapasitori bakorera mu karere kari musi y’ubwo burongozi. Amahuriro nk’ayo aramara ikiringo c’imisi ibiri canke imisi itatu. Insiguro z’ijambo ry’Imana zikorwa hisunzwe uko vyategekanijwe bigashoboka ko higisha abatumiwe.

3. Inama y’Umwaka


‌Inama y’Umwaka mu bisanzwe igizwe n’imiburiburi n’Inama z’amezi zitatu. Inama y’umwaka irongowe n’umugwi nshingwabikorwa urongowe n’umubwiriza mukuru yunganiwe n’abagize ibiro bijejwe kwiga no gufata ingingo kubitagenda neza imbere yuko Inama y’Umwaka ikorana.

‌Inama y’Umwaka iyo ikoranye yibanda kuvyizwe mu tunama twavuzwe aho haruguru(akanama gashinzwe ubugingo, akanama gashinzwe indero rukristo, akanama ko Hirya no Hino, akanama k’abizigirwa, akanama k’abakenyezi). Inama y’Umwaka iraheza ikigira hamwe imyitwarariko yashikirijwe n’Amanama y’Amezi atatu ari musi y’uburongozi bw’iyo nama y’umwaka. Iyo myitwarariko ibanza kwigwa n’Inama Iroranya (Inama Nshingwabikorwa) imbere y’uko yigwa n’Inama y’umwaka.

‌Mu gihe Inama y’Umwaka ikoranye niyo iheza igafata ingingo ya nyuma kumyitwarariko yose yashikirijwe. Iteraniro ry’Inama y’Umwaka niryo rifise ububasha bwo gufata ingingo yanyuma mu bisata vyerekeye utwo tunama twose. Inama y’umwaka irafise ububasha bwo kwemeza canke guhakana ingingo yafashwe n’urwego ruri musi y’ububasha bw’Inama y’umwaka. Inama y’Umwaka kandi iratunganya amakoraniro y’ubutumwa bwiza manini manini ikongera igatumira abavugabutumwa bo k’urwego mpuzamakungu. Ikindi co kwongerako ni iki gikurikira. Inama y’Umwaka irashobora gutegura inyandiko zifise ihangiro ryo gutanga inyigisho zo gushikiriza abanyeshengero.

‌Inama y’Umwaka irafata kandi ingingo zitandukanye ku bikenewe vyose vyerekeye iterambere mu bisata vyose ishengero rikoreramwo hisunze uburyo buhari. Ariko rero, kugeza ubu nta nyandiko canke igitabo vyateguwe vyerekana imigambi ngenderwako canke imigambi ishirwa imbere uko umwaka utashe. Ikindi kitokwibagirwa cerekana ko mu bungere(abapasitori) bari mu bikorwa muri iki gihe, benshi bariko barahumura . Muri rusangi imyaka yabo yababa mirongo itanu n’itanu (55). Ikindi naco ubumenyi bafise buri ku rugero rugereranye cane.

4. Urwego ruhurikiyemwo Inama z’Umwaka (Conférence)


‌Urwego ruhurikiyemwo Inama z’Umwaka ni urwego rwo hejuru y’izindi nzego rufata ingingo rw’ Ishengero ry’Abagenzi rugizwe n’Inama Nshingwabikorwa (Inama Iroranya) z’Inama z’Umwaka. Urwo rwego rurongowe n’uwuserukira ishengero imbere y’amategeko nawe akaba atorerwa ikiringo kimwe c’imyaka ine kitisubiriza.Urwo rwego rufata ingingo kubitagenda neza vyo ku rwego rwo hejuru vyerekeye ubuzima bw’ishengero ryose mu gihugu.

‌Urwo rwego nirwo rwonyene rufise ububasha bwo guhindura amategeko (ishimikiro) agenga Ishengero ry’Abagenzi ry’i EEA, canke gutanga nk’ingabire ubutunzi bw’ishengero. Urwo rwego nirwo rushinga rukongera rukemeza indinganizo y’imigambi ngenderwako rufatanije n’Inama z’Umwaka. Idondorwa ku buryo bwiyaguye uko Ishengero ry’Abagenzi ritunganijwe tubisanga mw’ishimikiro ry’iryo shengero.

Sangiza n'abagenzi bino ku mbuga ukoresha: