Burundi Friends Church
  • Kaze
  • Ibikorwa
  • Amakuru
  • Amasango
  • Ivyacu
    • Ivyacu & Abatuyobora
    • Kahise kacu
    • Ikurikirana ry'Amanama
    • Itunganywa ry'Ishengero
    • Aho Duherereye
  • Twandikire
  • Log in
    • Login
    • Register
  • 0

    Your cart is empty.

  • Kirundi (Burundi)
    • English
    • Français
    • Kirundi (Burundi)

Ishengero ry’abagenzi mu Kirundo ryaraye rishikirije amazi meza

Ku wa 29 Gitugutu 2022, niho amavomo 2 kuri 3 yubatswe n'iryo shengero muri Komine Bugabira yrashikirizwa Abenegihugu bo ku mutumba Rugasa.

312354673-504449015028816-1700964863004540016-n.jpg

Nk’uko bivugwa na Rev.Pasteur Louis Pasteur Nizigiyimana aserukira iryo shengero imbere y'amategeko, ibikorwa vyo kurondera amasoko,gutunganya imbizi hamwe no kuyubaka biriko birakorwa n’ishengero ry’abagenzi EEA mu Kirundo. Rikaba rifise intumbero yo gushika no mu bindi bice vy’igihugu, mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kuronka amazi meza.

312653392-504449278362123-6811991434896306653-n.jpg

Abanyagihugu baronkejwe iyo ngabire bakaba bashimira iryo shengero, mbere bakaba bariyemeje kuzobungabunga izo nyubakwa rusangi.

Mu mubonano bagiranye na buramatari w’iyo ntara, Bamweretse ko muri ako gace haharurwa imiryango irenga ibihumbi 6 igizwe n'abantu barenga ibihumbi 30 bahora bakoresha amazi mabi cane yo mu kiyaga Gacamirindi no mu binogo vy'imbizi zidatunganijwe neza bigatuma bagira amagara mabi kuko bayanywa bakongera bakayatekesha. Iyo ndongonzi ikaba yababwiye ko Leta ibashigikiye mur’ivyo bikorwa maze ibemerera ikibanza iryo shengero rizoranguriramwo ibikorwa bitandukanye vy’iterambere: "centre pour le bureau de developpement."

312281152-504449248362126-809004818118291922-n.jpg

08 Apr 2024
Community Reach Latest
  • Facebook
  • Twitter
Share

‌Ishengero ry'Abagenzi mu Burundi.
‌Umuryango w'Abakristo uhayagiza Imana mu bumwe no mu bikorwa vy'Iterambere. 
  • Ibikorwa
  • Amakuru
  • Amasango
  • Ivyacu
  • Twandikire

‌Aderesi: Avenue de l'Industrie, N° 20
‌Terefone: +257 22 21 62 55‌
‌Imeri: support@burundifriendschurch.org
‌P. Box: 1198, Bujumbura Burundi
Iyandikishe ku Kinyamakuru
Thank You! Your message successfully sent!
Imbuga zacu

Copyright © Burundi Evangelical Friends Church. All Rights Reserved.

Designed by Young Israel Izere

person
exit_to_app

or

Back to Login