Ishengero ry'Abagenzi mu Burundi Ririko Rifasha Impfuvyi n'Abapfakazi
Idini nyakuri ni irifasha impfuvyi n'abapfakazi:
Idini ritunganye ritagira agasembwa imbere y'Imana Data wa twese, n'ukurāba impfuvyi n'abapfakazi mu marushwa yabo (Yakobo 1: 27) Ni muri iyo ntumbero Ishengero mvuga butumwa rya'Abagenzi mu Burundi ryatahuye iryo Jambo kare mbere ritako ribishira no mu ngiro mu gufashisha impene 52 Abapfakazi bagera ku majana abiri(200) bo muma komine atatu(3) y'intara zitatu (3) arizo : Kirundo, Ngozi na Ruyigi.
Ngozi : muri komine Ruhororo ku mashengero rya Nyakibingo,Ryarunyinya na Gitamo hatanzwe impene 34.
Kirundo : komine Bugabira ku mashengero ya Rugasa na Rubuga hatanzwe impene 10 ku magenekerezo ya 2 nzero 2023.
Ruyigi : komine Butezi kw'Ishengero ryo Kwisumo hazotangwa impene 8.
Izo mpene rero zikazofasha abo bapfakazi bazihawe kugwiza umwimbu, gukomeza ikibano mukwiteza imbere ndetse zikazobafasha no gukura muvy'impwemu. Ishengero ry'Abagenzi ribandanya rishimira abo bose bariko baritanga mukurondera gushira mu ngiro ico Imana itugombako . Uburyo bwogukora ikigikorwa bwabonetse k’ubw'ukwitanga kwa Missionnaire Ntibaharire Salomon ishengero rikaba rimushimiye cane.
26 Mar 2021
Share