Ikiyago Ngirakamaro Uwutwara Ihuriro Rikuru ry’Ishengero ry’Abagenzi Kw’Isi, Simon C. Lamb Yagiriraniye n’Urwaruka rw’Ishengero Aho Yaheruka i Burundi
Kumusi wa gatanu italiki 11 Myandagaro 2023, mu kibanza c’ikoraniro ry’Ishengero ry’Abagenzi rya Rohero, hặri akaryo gahambaye k’ihanahana ry’ubumenyi bw’ivyizerwa vy’Ishengero, be n’imigambi mu kiyago cashikirijwe n’uwutwara Ihuriro rikuru ry’Ishengero ry’Abagenzi kw’Isi, Simon C. Lamb. Iki kiyago kikaba caronkeje urwaruka akaryo kisanzuye ko kuganira n’umwungere mukuru w’Ishengero ry’Abagenzi kw’Isi.
Nyakwubahwa Simon yagendeye Ishengero ry’Abagenzi mu Burundi inyuma y’aho yari yagize urugendo mu gihugu ca Afurika y’epfo aho yari mu nama nkuru ihuza Amashengero y’Abagenzi kw’Isi iriko itegura Inama ya bose izohuza Abagenzi bamuka mu mpande zose z’Isi mu mwaka uza (2024). Inyuma y’iyo nama yaciye yerekeza i Burundi aho yaciye aronkera akaryo ko kuganira n’urwaruka rw’Ishengero. Simon C. Lamb yari yaherekejwe na Myron Guachalla Montano aserukira urwaruka mu nama y’Ihuriro Rikuru ry’Ishengero ry’Abagenzi kw’Isi.
Ikiganiro Simon Lamb yagiriraniye n’urwaruka cari cerekeye Ivyizerwa vy’Ishengero, imibereho rukristo, Ibishingantahe vy’Ishengero ry’Abagenzi, be na Kahise k’Ishengero. Iki kiyago cari ic’agaciro mugihe urwaruka rw’Ishengero rwari rukeneye ugutahura gushimitse kuvyerekeye amatandukaniro ari mu vyizerwa vy’Abagenzi kw’isi, be na Kahise k’Ishengero. Simon Lamb yaciye afatiraho akaryo ko gusigura kimwe mu vyizerwa nshingiro vy’Abagenzi bambere (abakwekêri - Aba Quakers batanguje Ishengero mu myaka y’i 1600). Muvyo bĩgisha, bĩgisha ko umuco wa Yesu Christ uri mu bantu bose. Ivyo navyo bigatuma uwariwe wese ashobora gusangiza ijambo ry’Imana mbese ko umuntu uwariwe wese ashobora no kuba umwungere (umu pasitori).
Ikiyago cabandanije kivuga kuvyerekeye ivyizerwa bijanye n’amakoraniro adatunganijwe – aho usanga abakritsto b’abakwekêri (Quakers) bakoranira hamwe mugacerere bakarongorwa na Mpwemu Yera mur’uwo mwanya kugirango bumve ubugombe bw’Imana (Muri ben’ayo makoraniro, uwariwe wese mubakoranye arashobora guhaguruka agasangiza abandi ubutumwa bwiza canke ijambo yumvise Mpwemu Yera amuhamagarira gusangiza). Uno mugirwa waciye utera amakenga urwaruka, aho bamwe muribo baciye babaza ibibazo nyamukuru kuvyerekeye nya mugirwa:
1. Ihinduka ry’imigirwa y’Abakwekêri muri Kahise k’Abagenzi: Ni gute ivyizerwa be n’imigirwa y’Abagenzi vyagiye birahindagurika na canecane muri Afurika, aho tuzi ko amakoraniro y’amashengero y’Abagenzi muri Afurika afise abungere (abapasitori), itunganywa, imigwi iririmba, mbese ko atanakanya k’agacerere kigaragaza mu makoraniro?
2. Umuco Ndemanwa wa Kristo: Burya koko umuntu uwariwe wese avukana nya muco wa Kristo? Burya umuntu ntavûká ari umunyavyaha hama agahumanurwa na Kristo iyo yakiriye Yesu nk’umwami n’umukiza mubugingo bwe?
3. Ivyerekeye amakoraniro y’agacerere: Ni gute hoba ugutahura kw’ijambo ry’Imana mu gacerere? – aho usanga ata kwigishwa kuvuye k’umwungere (umu pasitori canke umusiguzi) guhari, nkuko bisanzwe biri muma shengero y’Abagenzi ya none. Hoho, burya, abantu boza kugakiza gute, atajambo ry’Imana rivuzwe?
Umushitsi Simon Lamb yaciye afata akanya kisanzuye ko gusobanura no kwishura ivyo bibazo bitoroshe, mbese ikiganiro kibandanya kiryoha, mu bwisanzure ntangere, aho urwaruka rwabandanya rubaza ibindi bibazo bikomeye, mbese ruranaterera ivyiyumviro.
Yamara, umwanya wabaye muto, maze ikiyago kibona gurangira, urwaruka rwâri rushaka ko ikiyago kibandanya. Simon C. Lamb yaciye, rero, atumirwa kuzogaruka i Burundi kugira ibiyago vyokwungurana ubumenyi bw’Ishengero nka ben’ivyo bibandanye. Urwaruka rwaciye rusaba umushitsi Simon C. Lamb ko hoba imigambi yo guteza imbere imigenderanire hagati y’Ishengero ry’Abagenzi mu Burundi be n’Abagenzi (Abakwekeri) bari mu bindi bihugu na canecane ab'i Buraya (mugihugu c’ubwongereza). Urwaruka rwasavye ko hoba imigambi itatu:
1. Umugambi w’imigenderanire hagati y’urwaruka rutuye i Buraya be n’urw’i Burundi – aho umurwi umwe wotemberera uwundi mu gihugu câbo.
2. Ishigwaho ry’ibigo ngurukanabumenyi (cyber) vy’urwaruka rw’Ishengero aho urwaruka rworonkera akaryo ko gutsimbataza imigendaranire iri hagati yarwo be n’abandi Bagenzi mubindi bihugu, biciye kumbuga ngurukanabumenyi. Nya bigo vyotuma bamwe mu Bagenzi bashobora gukurikirana, kumbuga ngurukanabumenyi, Inama mpuzabagenzi (Inama ya bose) yimirije kuzoba mu mwaka wa 2024 mu gihugu ca Afurika y’epfo.
3. Igikorane c’imisi itanu mu mwaka wa 2025, cohuza urwaruka be n’abamwe mu bungere barongoye Ishengero ry’Abagenzi kw’Isi: koba ari akaryo keza ko kwungurana ubumenyi bwa Bibiliya, ivyizerwa vy’Ishengero, kwiteza imbere, n’ibindi …
Kukabankako, twashaka kwongerako ko kuri nyamusi w’ikiyago, twari twagendewe n’umugwi: “Tuzoba Ico Twigize”, – umurwi w’abigeme ukorana n’Ishirahamwe “Friends Women’s Association” (mu Kamenge ku bitaro “Ntaseka”). Uwo murwi ufise intumbero nyamukuru yo gutsimbatazi agaciro k’umwigeme biciye mu bikorwa vy’iterambere. Bimwe mu bikorwa ukora harimwo: kurinda ibidukikije, kujisha uduseke, ibikorwa vyo kuziganya no kuguranana, kwiteza imbere, n’ibindi, …
Muri make, ikiganiro caremeshejwe n’umwubahwa Simon C. Lamb cari ic’ingirakamaro. Kabaye akaryo keza ko kwungurana ubumenyi mbese no kwubaka imigenderaniye ishemeye hagati y’Ishengero ry’Abagenzi mu Burundi be n’umuryango w’abandi Bagenzi i Buraya mbese n’ahandi kw’Isi.